BasketballBurundikirundi

CDL yemeje ko Urunani basketball club rwatsinzwe Impaga

Inyuma yo guhanishwa ugutsindwa impaga mu rukino rwawuhuje Urunani na Dynamo bikarangira mu mpari banganya 61 kuri 61, ariko Urunani ntirwemera gusubira mu kibuga hasigaye amasegonda 106 bitwaje ko barenganijwe ,nayo abasifuzi baca babahanisha impaga hmari kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021 .

Haciye umusi gusa uwo murwi warituye akanama kajejwe gutatura amatati CDL basaba ko urukino rwahuje urunani na Dynamo rwosubirwamwo, ako kanama kakaba kabishuye inyuma y’imisi itatu kw’igenekerezo rya 16 kamenyesha ko Urunani ruhanishijwe impaga kubera ko rutemeye ingingo y’umusifuzi yo gusubira mu kibuga.

Mbega amategeko avuga iki?

Itegeko rya 136 agace ka kabiri kavuga ko umusifuzi wa mbere amaze kwitura umusifuzi wa kabiri na komiseri w’urukino ashobora kwemeza ko urukino ruhagarikwa iminota irenga 30 iyo bikenewe. Iryo tegeko riha ububasha abasifuzi bwo kurenza iminota 30 urukino ruhagaritswe.

Irindi tegeko umunyamategeko Maître Fabrice Niyonkuru arongoye ako kanama CDL mw’ishirahamwe rya Acbab yasiguye ko itegeko rya 142 agace ka gatatu kavuga kuvyo kwikura mu rukino canke mw’ihiganwa co kimwe n’agace ka 8 kavuga ko hategwa impaga uwasivye ku kibuga canke uwanse gukina yabitegetswe n’aba officiel (abasifuzi canke abo bose berwa n’itunganywa ry’amahiganwa ).
Ivyo bikaba arivyo bituma rero umurwi w’Urunani utemerewe gusubiramwo urukino rwobahuje na Dynamo ukaba uhanishijwe impaga kubera ko abakinyi b’uyo murwi banse gusubira mu kibuga .

Mwomenya ko urukino rwa nyuma rwa play-off mu bagabo mu gisagara ca Bujumbura ruzohuza imirwi ya Kern na Dynamo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512