Entertainmentkirundi

Chany Queen ngo mwibuke kwikingira nubwo ari Ku musi w’abakundana

Tuvuze ko Chany Queen ari umuririmvyikazi afise uburambe mu kazi kiwe ndetse yatumye n’abakobwa benshi batinyuka kuririmba aho ntitwoba tubeshe.

Nubwo ahora acishamwo agahora, iyo asohoye, aba asohoye, kuko ijwi ryiwe riruhura imitima ya benshi.

Aheruka gusohora album yiwe yise colours igizwe n’indirimbo 6 ukaba utarayumviriza umenye ko harico wahomvye ukaba umaze naho kuyumviriza wamuhaye amanota angahe?

N’umuririmvyikazi adakunda cane kwandika ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe ariko igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2023 vyanse ko yiyumanganya kuko ari umusi witwa kwari uw’abakundana yaciye abavunira akagohe yanditse agira ati:” Abantu mwese munkurikirana mufise abakunzi ndabipfurije Happy Vala uyumusi nuwanyu, ariko mw’ibuke kw’ikingira.”

Akajambo kamwe kuri Channy Queen

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550