BurundiBusinessCuteEnvironementkirundi

#Chrisante yahisemwo kuba umurwizatunga biciye mu nzira yo gukingira ibidukikije

Ngo ntiyagiye mu Buganda kuraba amatara n’ikiyaga kuko i Bujumbura vyari bihari, Chrisante ngo kurahura ubwenge nivyo vyari vya mujanye, nayo ivyo yize vyose bimufitiye akamaro ka nini, bigashimisha umuryango, bikaba n’inyishu ku bihanze igihugu ciwe.


Umwanya w’ikiruhuko kuriwe wari umuruho udasanzwe kumvo zuko iyo yashaka gushika hatangana n’ivyirwa yariko aronka mw’ishure.
Chrisante Nshimayesu agira ati: Ubuganda ni bunini cane ariko, narabugenze narabonye, bariya bantu n’abahinga barakora kandi barimbura,  no bagereranya n’aba Chinoi, nico gituma bateyimbere ni twabafatirako akarorero guterimbere birashoboka.”
Amakara ya rondereza, akorwa mu mwavu, adafumba imyotsi, yaka neza, atagurumbuka(adahera n’ingoga) adateza umwanda ni kimwe muvyo Nshimayesu yize guhingura, akanabikuramwo uruganda rutanga akazi mu runganwe rwiwe.

Mu gisangara ca Bujumbura mu Buyenzi akaba ariho ariko arakorera muri kino gihe, Chrisante akaba yayagiye uruganda rwa Indundi Magzine ko iyo ari intango, kuko ivyo ategura gukora ari vyinshi, akanasaba abarundi kwijukira gukoresha ayo makara kuko igiciro cayo n’akamaro kavyo, ataho bihuriye n’amakara bari basanze bamenyereye, gukoresha ayo makara n’imyungu cane ku miryango. Bakaba badahingura amakara gusa, kuko banakora imbabura nziza za kijambere zirambisha amakara kandi zikomeye cane.

Gukingira ibidukikije ni kimwe mu bihimbara uwo musore akiri muto mu myaka, kuko ayo makara aboneka ata giti na kimwe kirinzwe kwicirwa.
Ico gikorwa Chrisante Nshimayesu akagikenguruka cane kuko cari muri bimwe muvyo yari yateguye gushikako imbere yuko umwaka wa 2020 urangira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501