homepagekirundi

Christiano yoba yaguze imodoka ya mbere izimvye

Christiano naho ataco arabivugako, abantu bamaze kwemeza ko imodoka nshasha ya Bugatti, iharurwa nk’iyizimvye kw’isi, yaguzwe na Christiano.

Imodoka ya mbere ishobora kuba izimvye kw’isi ngo yoba yaguzwe na Christiano Ronaldo. Ayo niyo makuru agezweho kuri uwo mukinyi wa Juventus de Turin ku mugabane wa Buraya.

Ivyo bikaba bishikirizwa uko mu gihe mu ndwi yahera ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Espagne vyibaza nimba azohava agura iyo modoka yakozwe n’uruganda Bugatti, kuko zibiri zaheruka gusohorwa n’urwo ruganda uwo mukinyi yaziguze.

Iyo modoka ikaba yerekanwa ubwa mbere mu gihugu ca Suisse muco bita Salon International de l’automobile de Genève mu mwaka w’2019, nayo ikaba yakozwe mu gihe c’ihimbazwa ry’imyaka 110 urwo ruganda rumaze rushinzwe na Ettore Arco Isidoro Bugatti, umutaliyano yahavuye ahabwa ubwenegihugu bw’Ubufaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755