BurundiDevelopmenthomepagekirundipoliticssociete

Cibitoke : Urwaruka ruri mu migambwe itandukanye hamwe n’amadini rwahawe inyigisho zo kubana neza

Ishirahamwe ryitaho abapfungwa hamwe n’imiryango yabo «Ntabariza-SPF », ryatunganije kuri uno wambere  igenekerezo rya 21 Nyakanga umwaka w’2020 mu ntara ya Cibitoke, uruganda rwo gukaburira ubwenge urwaruka rusanzwe ruri mu migambwe itandukanye n’amadini atandukanye hamwe no kuruhamagarira kumenya amatati icarico hamwe no kumenya kuyatatura badaciye mu ngimba babone kubana neza mu mahoro.

Mu nyigisho zitandukanye urwo rwaruka rwahawe n’abahinga bigenga, harimwo ubwa mbere kumenya ico guhohotera umuntu bisigura, ubwoko bw’uguhohoterwa hamwe n’ingene uwahohotewe yokwigenza hamwe n’ingaruka zavyo tutibagiye ingingo zofatwa kugira ngo iryo hohoterwa rigwanywe.

Umuhinga wa kabiri yagarutse ahanini ku bijanye n’amatari, aho yasiguye amatati ivarico, ivyo amatati akunze kuvako, ubwoko bw’amatati, ingaruka mbi zayo hamwe n’ingene umuntu yoyirinda.

Burya rero ngo amatati yama ubwa mbere na mbere ahera mu muntu imbere y’uko asanzara mu bindi bice.

Mu bwoko bw’amatati, uwo muhinga yariko atanga ikiganiro yamenyesheje ko hari amatati y’inyungu (conflits d’intérêt), amatati ya karanga-muntu k’umuntu (conflits d’identité), amatati y’imico (conflits culturels) hamwe n’ayandi atari make.

Urwo ruganda rukaba rwarangiye hari uguhanahana ivyiyumviro ku vyirwa vyari bihejeje gushikirizwa n’abahinga bigenga, birangira mu munezero ntangere aho abari bavyitavye bamenyesheje ko bavyungukiyemwo vyinshi basaba ko inyigisho nk’izo ku rwaruka zoza ziratangwa kenshi kabaho mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruba ruri mu mice itandukanye kubana neza, ivyo ngo bikazobafasha kwiteza imbere mu gihe ata matati azoba ari hahati yabo kuko bazoba basenyera ku mugozi umwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769