Entertainmenthomepagekirundi

Clementine Kavy ashobora gusohora igikorwa imbere y’uko umwaka urangira

Ukumara umwaka atagikorwa agaragaramwo Clementine Kavy ashobora gusohora indirimbo iheraheza uno mwaka, indirimbo ishobora kuzoza giturumbuka ku bakunzi b’umuziki.

Inyuma y’ukwandika amajambo aciye kuri rwa rubuga Facebook ivyabaye nk’ingeso ku baririmvyi mugushikiriza ico bagona, ni Clementine Kavy, ku rubuga rwiwe akaba yagize ati : “Mbe mwibaza ko ngira ndabamenyeshe iki? Comments 200 mwandika ati #QueenKavy nce ndabamenyesha !”.

Indundi magazine yagerageje kumurondera kugira atange umuco araheza avuga ko ngo uno mwaka udahera  atabahaye igikorwa kizoza ari giturumbuka (Surprise) ku bakunzi b’umuziki. Ariko mwomenya ku biriko biravugwa kuri uwo muririmvyikazi ko yoba atakiri muri Label ya Empire Avenue, ivyo batarashima gushira ahabona. Bikavurwa cane ko yoba ariko afashanya n’imwe mu nzu z’ubuhinyanyunzi bw’umuziki itaramenyekana gushika ubu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769