Entertainmenthomepagekirundi

Clementine Kavy yoba atakiri muri Label ya Empire Avenue?

Kubwo kutaboneka cane mu bikorwa vya Label Clementine Kavy abeshi bibaza ko atakiyirimwo bikaboneka ko ariko aragara yandika amajambo ku rubuga rwiwe rwa Facebook ibiriko bitera amakenga meshi abakunzi b’umuziki ndundi bibaza ko yoba agiye kubaha iyindi ndirimbo nshasha.

Ni inyuma y’ukutaboneka kwiyakirwa rya kizigenza wiwe ku kibuga c’indege citiriwe Perezida Mechior Ndandaye ndetse hamwe naho yakoranirije abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri Lacosta Beach yagize ico avuga aciye kuri rwa rubuga Facebook. Kurubuga rwiwe akaba yanditse agira ati:”Hello. Muri bangahe mukumbuye Clementine Kavy?????? “. Abatari bake bakaba bagiye bamwishura ko ariko arateba kubaha bishasha bamwe n’agashavu keshi bati bupfuma basi uza ura Postinga kenshi ngo nayo ahandi azohura asigaye akinda yirorera natagira icakoze kubakunzi b’umuziki wiwe.

Clementine kavy akaba arumwe mu bigeme bari muri Label ya Empire Avenue isanzwe irongowe na Sat-B ariko igihe yatahuka ava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya mubasanzwe bari muri Label arongoye nta numwe yashoboye kuhashika kumutegera haba umurwi Best Life Music, Belle nice, Bain Turo, na Clementine Kavy abeshi bibaza ko atanakiri muri iyo Label.

Icatumye abatari bake bibaza icabitumye bataza kumutegera ariko  Manager wa Sat-B ariwe Kent-P akaba yabwiye abaraho ati : “Muri Empire Avenue dufise uko ibikorwa bipanze bihuriranye bari mukandi kazi ntacotuma nakimwe boca bareka ivyo barigukora ngo baza kudutegera.”

Mwomenya ko uwo mwigeme aheruka kugaragara mu ruririmbo bakoranye na Sat-B bise Urarya Bebe indirimbo haciye umwaka wose isohotse gushika ubu akaba atakindi gikorwa gishasha arasubira kwerekana kuva yinjiye muri iyo Label.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769