BurundiHealthhomepagekirundi

Clotilde Niragira yarasandavye azize ingwara ya Cancer yo mu bwonko

Clotilde Niragira yigeze kuba umushikiranganji w’Ubutungane mu mwaka wa 2005 yarashengeye azize ingwara yaheruka gutorwa mu gihe ca Vuba.

Clotilde akaba azize ingwara ya Cancer yo mu bwonko nkuko bishikirizwa n’umwe mubo bakorana. Akaba asezeye isi yaragize igihe akorera CIRGL I Kampala.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Iwacu ngo Clotilde yabanje kugwarira mu gihugu c’ubuganda agira ico abaganga bita AVC, ariko aza gutora mitende abona gutaha I Burundi kubera Imanza z’impera y’umwaka. Ivyo bikaba vyamushikiye aruko amaze imisi mikeya ahejeje gutanga kubisikanya n’uwamusubiriye.

Ari I Bujumbura niho yasubira kandi kugira AVC, igihande kimwe k’umubiri nticaba kigikora, aca ajanwa mu gihugu ca Kenya, Aho yahavuye ashirwa muri comma, noneho bimuviramwo gusezera isi y’abazima.

Clotilde Niragira akaba kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka wa 2018, yagiye arahanwa ibiti bitandukanye haba muri Leta canke mu mashirahamwe asanzwe yegukira Leta y’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764