HealthhomepagekirundiWorld News

Corona Virus : Rwoba arirwo ruje gukura isi mu kaga?

Naho hari inkingo mirongo ziriko zirageragezwa hirya no hino kw’isi, urwakozwe n’amashirahamwe 2 arimwo iryo mu budagi n’iryo muri Amerika rwo rutanga icizere cane.

Ayo mashirahamwe Pfizer na BioNTech yakoze urwo rukingo avuga ko rukingira umuntu ku rugezo rwa 90% mu misi 7 ahejeje gufata urwo rukingi, rugizwe n’ama Dose 2, afata mu kiringo c’indwi 3.

Ibiharuro vyavuye mw’igeragezwa ry’urwo rukingo ryabereye mu bihugu nka Amerika, Bresil, Ubudagi, Argentine, Afrika y’epfo na Turukiya rigakorerwa ku bantu barenga 43,500 ngo birashobora guhinduka, kuko gushika ubu abantu bose bahawe urwo rukingo baratasuzumwa.

Ku kibazo c’uko abantu bose bazoshobora kuronka urwo rukingo, ayo mashirahamwe avuga ko ari nka hamwe bemerewe kurukoresha vyihuse, nkuko bariko barashaka kubisaba,ngo umwaka wa 2020 wohera bamaze gukora Dose Imiliyoni 50, nayo umwaka uza worangira bamaze gukora izirenga Milaridi 1,3.

Naho biruko Ibibazo vyo ntibibuze kuko hataramenyekana igihe urwo rukingo rumara rugufasha, eka n’ivyo rushobora gutara mu nyuma -Effet secondaire-. Ariko kandi hakaba hakiri n’ikibazo c’ibikoresho kubera urwo rucanco rutegerezwa kubikwa ahantu hari ugukanya kwa 80C.

Aha mukamenya ko mu burusiya ho hari urukingo abahinga b’abarusiya bamaze gukora, kandi n’umukuru w’igihugu yemeza ko rumeze neza. Abantu batari bake bakaba baramaze gutangura kuruterwa, naho hari abatabona rumweurworukingo kuko bavuga ko ibiharuro vyavuye mw’igeragezwa ryakozwe bidatomoye ngo bishobora ko babihindaguye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755