homepagekirundi

Corona-Virus yatumye abaguzi n’abagurisha bahindura uburyo bakora akazi kabo

 

Mu gihe i Kigali atawusohoka, kubera basabwe kuguma mu mazu kugira birinde kwandura n’ukwanduza abantu ikiza ca Corona Virus, abadandaza co kimwe n’abakozi b’Imana bamwe bamwe bamaze guhindura umukenyuro w’uburyo bamwe badandaza, abandi nabo batoza amashikanwa.

Abadandaza co kimwe n’abakozi b’Imana batandukanye ubu bifashisha imbuga ngurukanabumenyi mu kudandaza, canke mu gushikiriza ijambo ry’Imana abakirisu babo, co kimwe n’ugutoza amashikanwa nkuko vyari bisanzwe biba mu masengero baba bari basanzwe bakoreramwo.

Amwe mu masengero i Kigali akaba yarasanzwe afise ama radio yayo yari yaruguruye, aho twovuga nki Radio y’aba Musulman, i radio y’aba Adventiste, radio Maria ya ekleziya katolika, radio y’ishengero Zaion Temple ya Gitwaza, n’izindi zitandukanye. Uretse abo bakoresha izo nsamirizi zabo, abandi nabo baca bakoresha imbuga ngurukanabumenyi za Youtube bari basanzwe bakoresha mu gushirako ubutumwa baba bashaka gusangiza abakirisu babo.

Abandadaza nabo basanzwe bari bamaze gukomera mu bikorwa vyabo I Kigali, bamaze gushinga uburyo bwo gushikana kubari basanzwe babashorera ibiribwa co kimwe n’ibinyobwa mbere n’ibindi bikoresho baba bipfuza. Aho twovuga nk’akabari Fucshia kari gasanzwe gakomeye I Kigali, kamaze kumenyesha ko uwufise ico akeneye yongerako amafaranga yo kubizana 1000 frw (angana n’3000 fbu), noneho bakabimushikanira i muhira. S’abo gusa kuko amashirahamwe akomakomeye nka Skol (Ingana na Brarudi ya hano ) bamaze kumenyesha ko hari urubuga rusanzwe rudandarizwako ibintu bitandukanye, nabo ushobora gusangako ivyabo.

Abo bose yaba abo bakozi b’Imana co kimwe n’abadandaza bakaba bose bakoresha ubuhinga bwo guhanahana amafaranga bakoresheje uduhamagazo, Mobile Money, mu kuriha ivyo uba wasavye, co kimwe no mu gutanga amashikanwa canke ibigiracumi. Ubwo buryo bukaba aribwo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buriko burasaba abantu gukoreshwa n’abantu mu guhanahana amafaranga, kuko ngo amafaranga nayo ari mu bituma uwo mugera wa Corona-Virus ubandanya ugwira.

Uno musi ibintu vyonyene vyemewe kudandazwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda, n’ibiribwa, ibikoresho vy’isiku nk’amasabuni, co kimwe n’ibibanza badandarizamwo imiti, Pharmacy. Naho nyene ivyo bibanza bikaba birekuriwe kwugurura mu kiringo c’amasaha makeya, nukuvuga guhera mu bucagucagu gushika isaha icenda z’umuhingamo. Ishirwaho ry’amasaha yo kudandaza bikaba vyafashwe mu ntumbero yo kugabanya abantu mw’ibarabara kubera ubwinshi bwabo bwahaboneka. Uwo babajije uwariwe wese akaba yaca avuga ko agiye gusuma.

Imiduga nayo ikaba iri mu yitemerewe kurengana, iyirekuriwe kurengana muri kino gihe ikaba ari iyikoreye ibiribwa co kimwe n’iyirimwo abantu bafise impamvu yumvikana y’iyo uroye, uretse imodoka z’amashirahamwe amwe amwe canke ama moto y’abadandaza, co kimwe n’imodoka z’abategetsi bamwe bamwe badashobora gukorera mu ngo.

Ubwo buryo buriko burasabwa gukoreshwa, bukaba ari uburyo mu bihugu nk’ubushinwa canke ibindi bimaze gutera imbere bubandanya gusabwa gukoreshwa n’abanyagihugu, kugira bagabanye guhanahana amafaranga mu minwe. Ivyo bikaba binafasha mu kugabanya amafaranga akoreshwa n’abanki makuru y’ivyo bihugu mu gukoresha amafaranga mashasha aza gusubirira ayaba yashaje.

Abarundi barayamaze ngo akabi gatwengwa nk’akeza, kandi ngo ata gapfuye ntagakira iki kiza ca Corona-Virus cateye isi, gishobora kugira ico cigishije abadandaza batandukanye, abakirisu, co kimwe n’abenegihugu b’abanyafrika mu buryo bwo kugura n’ukugurisha batarinze kuva mu mazu, canke uburyo bwo guhanahana amafaranga, canke uburyo bwo gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu kudandaza n’ukugura ibi canke biriya abantu bakenera mu buzima bwa misi yose

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755