BurundiHealthhomepagekirundi

Covid-19 : Ibi nivyo umushikiranganji Thaddée Ndikumana asaba abaremeshakiyago

Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thadée Ndikumana asaba abaremeshakiyago gusubiza kwa muganga uwo wese avuye hanze y’igihugu mugihe aterekanye urupapuro rwerekana ko yipimishije  coronavirus, bibaye ngombwa n’abajejwe umutekano bakore.

Thaddée Ndikumana yabishikirije kuri uno wa kane mu gihe yariko aratanguza igikorwa co kwigisha abaremeshakiyago kugira bazoje gufasha muri rwa rugamba rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye «NDAKIRA,   SINANDURA KANDI SINANDUZA CORONAVIRUS ».

Yabishikije kandi mu gihe kuva ikibuga c’indege cuguruwe igenekerezo rya 9 Munyonyo, hamaze gutorwa abantu bagera kuri 16 banduye ico kiza ca covid-19 mu ngenzi 453.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764