BurundifootballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Cristiano agiye kuronka ayandi mahasa

Cristiano Ronaldo ngo agiye gusubira kwakira abandi bana mu muryango wiwe uno musi ugizwe n’abana 4. Ivyo uwo mukinyi wa Man U akaba ahejeje kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram ruza mu kibanza ca Mbere mu zikurikiranwa n’abantu benshi kuri Instagram.

Umuvyeyi w’abana akaba kandi n’umu mannequin akomoka muri Argentine akaba ngo yibungenze imbanyi y’indwi 12. Uwo muvyeyi akaba azibaruka mu mwaka uza.

Nkuko amakuru dukesha RMC Sport ngo Cristiano azoba asigaje umwana umwe gusa kugira ashikane igitigiri c’abana yipfuza nkuko yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru France Football mu mwaka wa 2017.

N’uwo mukunzi wiwe basangiye uwo muryango ubandanya waguka, ngo bavyumva kumwe kuko nawe avuga ko yipfuza umuryango utari muto, nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza.

Mwomenya ko uwo mukinyi mu kwezi kwa 2 azokwiza imyaka 37, nayo umutambukanyi wiwe akaba mu kwezi kwa 1 azokwiza imyaka 28.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 868