homepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Cristiano Ronaldo yateye akagere ikinyobwa ca Coca Cola

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, aho bariko bavuga ku bijanye n’itanguzwa rya Euro 2021, Cristiano Ronaldo yatangaje abantu aho yahindura ivyari ku meza yari yicayeko. Amacupa 2 ya Coca Cola yayahinduye ahashira icupa ry’amazi.

Iyo nyifato ya Cristiano ikaba atari nshasha, kuko bisanzwe bizwi ko uwo muririmvyi asanzwe atihereza ivyo binyobwa, kandi n’umuryango wiwe akaba atawemerera ko babinywa.

Cristiano akaba yarahakanye cane gukorana n’abadandaza ibinyobwa nkivyo mu kubimenyekanisha, kandi bizwi ko uwo mukinyi yokwinjiza amafaranga y’umurengera. Ico uwo mukinyi ahagararako n’uko we ivyonona umubiri atabiha ni rwere.

Ivyo akaba yabikoze mu gihe ico kinyobwa ca Coca Cola cari kiri muri ico kibanza mu ntumbero yo kuyimenyekanisha. Kanatsinda ico kinyobwa kikaba kiri muri bike bitanga amafaranga atari make muri iyoi mikino ngo vyimenyekanishe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822