footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

Cristiano yakwije imyaka 37 y’amavuko, anakwiza abamukurikirana kuri Instagram bashika 400,000,000

Cristiano Ronaldo yakwije abantu barenga Imiliyoni 400 bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram, akaba abandanya kuba ari umuntu wa mbere akurikiranwa cane kuri urwo rubuga rugize igihe kitari gito rukunzwe cane.

Uwo mukinyi w’umupira w’amaguru aheruka gukwiza imyaka 37 y’amavuko, akaba abantu batari bake barenga gato Imiliyoni 150 yabaronse mu mwanya ungana n’amezi 5 gusa kuko mu kwezi kw’9 yarafise abamukurikirana bari musi gato y’imiliyoni 250.

Mu bakinyi b’umupira akaba ata numwe amwegera kuko uwuri inyuma yiwe ari Lionel Messi nawe aheruka gukwiza abarenga Imiliyoni 308.

Cristiano akaba ari nawe muntu wa mbere yinjiza amafaranga atari make akoresheje urwo rubuga, aho muri Postes 3 akoze hategerezwa kuba harimwo imwe gusa yatangiwe amafaranga ngo ishirweko, iyo nayo ikaba ica imwinjiriza ayatari musi y’Umuliyoni w’ama Euro arenga gato Imiliyaridi 3 z’amafaranga ya hano iwacu.

Mukamenya ko uwo mukinyi iyo ashizeko Foto kuri urwo rubuga aronka abantu batari musi y’Imiliyoni 10 z’abakora Like kuri iyo Photo canke Video aba yabasangije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846