Burundicultureculture_featureculture_promotegroups-member-promotedhomepagekirundi

Culture : Baraye batahukanye ikibanza ca mbere

Umurwi w’abavuza ingoma «Amagaba » wari waserukiye igisagara ca Bujumbura niwo waraye utahukanye ikibanza ca mbere.

Hari i Gitega ku murwa mukuru wa poritike neza na neza kw’iratiro ry’akaranga k’Uburundi(Musée Nationale de Gitega) ahari hahuriye imigwi 18 yari yaserukiye intara zigize Uburundi ahariko habera ihiganwa rya nyuma, final, rirangiza indwi yahariwe umurisho w’ingoma mu Burundi, ihiganwa ryari ryatewe iteka n’umushikiranganji w’imico n’akaranga hamwe n’abandi banyacubahiro.

Muri ivyo bikorwa, umushikiranganji Ezeckiel Nibigira yahamariye abarundi kubungabunga no gukingira umurisho w’ingoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766