East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Diamond ngo abakiri bato bari bakwiye kuronderera hose

Buri muntu Imana ngo irafise aho yamwandikiye ko izocisha ivyiwe, ivyo biheruka gushikirizwa na Diamond Platnumz mu kiganiro aheruka guha abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba n’umugwizatunga yubashwe muri Tanzania yavuze ko abakiri bato bagerageza kuja kuronderera aho babonye uwundi yaronkeye, ariko kubwiwe ngo iyo siyo nzira nziza, ahubwo n’ukurondera inzira yawe iyariyo.

Diamond yatanze akarorero ko agitangura ivyo kuririmba ngo yakora Rap ariko mu nyuma biza guhinduka, aja kuririmba kuko yumva ko gukora Rap ataco biriko biramufasha.

Diamond yanahavuye abakiri bato kudatakaza icizere, ahubwo baronderere hose, kuko nawe agitangura kurondera ubuzima ngo yarondereye henshi harimwo n’ukuja kudandaza Impuzu.

Mwomenya ko uwo muririmvyi uno musi afise amashirahamwe atari make amaze kwugurura, eka mbere amwe amwe akaba ari kw’izina ryiwe, ariko ayandi akaba ayasangiye n’abandi bantu, ayazwi akaba nka WCB, Wasafi Media, Wasafi Beat, Cheka tuu n’izindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723