East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Diamond yakubiswe ku ntoke na Zari ku nzu yaguze muri Africa y’epfo

Diamond ngo yoba yanyazwe inzu yiwe iri muri afrika y’epfo, amazina yari ayanditswe agahindurwa noneho bakayishira ku mazina y’umugore.  

Mu gihe muri ino misi havurwa cane ivy’ubugeni bwa Diamond, amakuru ava muri Afrika y’epfo avuga ko uwo muririmvyi yoba yamaze gukubitwa ku ntoke, imwe mu nzu ziwe ikaba yamaze gutwarwa na nyina w’abana biwe, Zarinah Hassan.

Ayo amakuru dukesha ikingamakuru co mu gihugu ca Uganda avuga ko  amazina ya Diamond Platnumz yari yanditswe kuri imwe mu nzi zfise muri afrika y’epfo yoba asa n’ayamaze guhindurwa, agashirwa kw’izina ry’umuvyeyi w’abana biwe.

Iyo ngingo uwo yigeze kuba ari umukunzi wiwe ngo yoba yayifashe amaze kubona ko ivy’ubugeni bwa Diamond n’umukunzi wiwe mushasha vyoba bigeze kure. Aho ni mu gihe mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa 2 ariho yamusezera ko batakirikumwe mu rukundo. Aho ngo kubera yoba amuca inyuma cane, kandi atanamwubahisha.

Uwo mugore ntiyakoze ivyo gusa, kuko amakuru yandi ava muri afrika y’epfo avuga ko imfura ya Diamond, Tiffah Dangote, yahinduriwe amazina noneho akitwa Tiffat Hassan, izina rya nyina.

Ivyo vyose bikaba bibaye mu gihe hariko hanavurwa ko Diamond yamaze gutera inda uwo mwigeme bagize imisi barikumwe mu rukundo, Tanasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556