East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Diamond yasubiye mu rukundo n’umwigeme atarabasha kumenyekana

Diamond Platnumz ngo yasubiye mu rukundo, ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubishikiriza aho yaganira n’ibinyamakuru ku musi mukuru w’abakundana.

Uwo muririmvyi yamenyesheje ko muri ino misi ari mu rukundo n’uwundi mwigeme atarabasha kuvuga uwariwe, ubona ko yaragize igihe yagirizwa abatari bake.

Muri ico kiganiro yatanze, yavuze ko uwo barikumwe mu rukundo abizi ko amukunda kandi nawe akamukunda, kuko akora ibikorwa bitandukanye bimwereka ko ari mu rukundo.

Ivy’urwo rukundo n’uwundi mwigeme mushasha bikaba bije inyuma y’aho havugiwe ko yoba ariwe yakoye umuririmvyikazi Zuchu asanzwe ari umwe mu bari muri Label yiwe, aho vyavuzwe kubera ubucuti bwabo bwa hafi basanzwe bafitanye.

Mukibuka ko uwo mugabo asanzwe afise abana 4 ku bagore 3 batandukanye kandi ata numwe ava mu gihugu kimwe n’uwundi, harimwo umu Tanzania, umunya Kenya hamwe n’umugandekazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723