homepagekirundiP squareTanzania

Diamond yireguye kubivurwa na Zari ko yoba yarihakanye umwana

Mu gihe hari induru igize imisi hagati ya Diamond na Zarinah Hassan benshi bazi nka Zari, haguma hubuka amakuru amwe amwe mu bijanye n’umubano babanyemwo.

Ikiganiro Diamond yariko aratanga ku nsamirizi Wasafi Fm, mu kiganiro Bloc89, Zari nawe yahavuye agira ico amuvugako ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ikiganiro kitaranarangira.

Muvyo uwo mugore babanye imyaka irenga 4, bakanavyarana abana 2 yavuze, harimwo ko Diamond yashatse kugerageza kwihakana umwana wiwe, naho atatomoye neza umwana yashatse kwihakana uwariwe neza neza.

Bamenyeshamakuru bari baremesheje ico kiganiro, ntibariye umunwa mu kumusaba kugira ico ashikirije kuri ayo majambo uwo yahoze ari umugore wiwe yashikirije. Akaba yavuze ko ivyo ari ibisanzwe, ari ugushaka kwigovyora kuvyo yari ahejeje kuvuga.

Muvyo Papa Tiffah yashikirije, yavuze ko nka hamwe babajije Zari uwo mwana yihakanye uwariwe, ngo bazosanga ariko avuga umwana wa Hamisa Mobeto ko ariwe yashatse kuvuga.

Mukamenya ko ivyo uwo muririmvyi yari yashikirije kuri uwo mugore bavyaranye abana babiri ari vyinshi, birimwo ko yamuvanze naho nawe atera, ariko kandi ko yamwimye abana, akamushirako amananiza, naho we avuga ko abitahura kuko ngo bishobora kuba ari urukundo akimufitiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755