BurundiDiasporaEntertainmentkirundi

Bella Hot Hot|Igituma ibiteramo bikomeye iburayi yari gukora vyahomvye


Bella Hot Hot ni Umurundikazi umwe rudende yashoboye kuboneka mubiteramo bikomakomeye aho yaboneka arikumwe canke aherekeje abaririmvyi bakomeye hano kumugabane wa Afurika aho Twovuga nka
TIMAYA, OTIL BROWN, INNOS’B n’abandi….

inyuma yo gukora igiteramo arikimwe na Innos’B yamenyekanye cane kundirimbo YOPE ngo hari hategekanijwe kandi ikindi giteramo muri Swede igiteramo naco ngo yari asa nuwiteguye cane mugukora Performance ishimishije ko na cane cane cari igiteramo cari kumuhuza n’umuririmvyi ariko arakora cane Diamond Platnumz .

Abicishije mukiyago twagiranye ,Bella Hot Hot yishura ico ariko arategurira abarundi bari bamaze kumwakira mumisi mike amaze mu Muziki yishuye agira ati:


“Muvyukuri hari vyinshi nariko ndategura kuko muri studio ndafise iyindi ndirimbo nkuko nategekanya kuzoyisohora vuba ariko nkayisohorana amasanamu (Video)
,mugabo ikibazo gihanze ino si nticanyorohereje kuko natwe ino iyo turi twugaraniye munzu atakintu na kimwe tubasha gukora mubikorwa bikoregwa hanze yurugo ubamwo,
Aho rero abakunzi b’ibikorwa vyanje n’abakbumuziki w’u Burundi muri rusangi bumve ko tutarabona neza uko bizogenda nkuko bimwe mubiteramo nategerezwa gukora bitigeze biba kubera ico kibazo nyene ca CORONA (Covid 19).”

Mwomenya ko Bella Hot Hot ari Umuririmvyikazi asanzwe aba mugihugu ca Swede ariko akaba kandi ari bitumwako mubiteramo vyinshi vy’abaririmvyi bakomeye hano mukarere ka Afurika bibera mugihugu ca Denmark ndetse no murico gihugu asanzwe abamwo ca Swede .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 593