BDUSAAlbinosDiasporadiaspora promotedDiplomacykirundi

#Diaspora| Abifuza inyishu mu nzira z’ibomborabombora ngo ni basubize amaso kuco amategeko y’ishirahamwe avuga

Urunani rw’ama Diaspora y’abarundi kw’isi yose (Conferance internationale de la diaspora burundaise) rwarashigikiye indongozi y’ishirahamwe BDUSA Samuel Ndayiragije mu bibazo vyariko bigerageza kubahungabanya, ndetse banatera intege abanwanyi b’iryo shirahamwe ribarizwa ku mugabane wa America.


Ahari abantu hama urunturuntu niryo jambo ry’umutwe ry’indongozi y’amashirahamwe abarizwa muri Diaspora y’abarundi kw’isi yifashishije mu gutera intege indongozi za BDUSA hamwe n’abanywanyi muri rusangi.
Uwo azwi kw’izina rya Elam Kaduha mu kiganiro “umuco” gica kunsamirizi “indundi”, yamenyesheje ko ishirahamwe BDUSA barizi kandi rifise indongozi zizwi n’amategeko ndetse zigifise n’ikiringo co kurongora, atanumwe afise uburenganzira bwo kuziburabuza ku nyungu ziwe.
Elam Agira iti:”Ntazibana zidakomanya amahembe.” ariko ngo ntivyari bikenewe ko habaho induru, arongera ati:” Kutemera inzego n’ibisanzwe, ariko ntivyemewe ko umuntu asambura ivyo abandi bariko barubaka.”
Kaduha kumwe na mugenziwe Rose Mystique batera akamo uwo wese afata inyungu ziwe akazitirinya n’izishirahamwe, ko gusambura atariwo muti, kandi ko kurenza induru bidakenwe kuko amategeko y’ishirahamwe arico ahabereye.
Izo ndongozi zikaba zaboneyeho n’akaryo ko gutanga ubutumwa bwa Diaspora y’u Burundi kuri BDUSA, bakamenyesha ko bashimye ingene indogzi za BDUSA zifashe mu bibazo zihitiyemwo, koko ngo batahuye ko bagize umuryango,kandi mu muryango hatabura agahara ariko kagatorerwa umuti muri wo.
Mu kurangiza bagatera akamo ba nyirabayazane ko bo kwikubita agashi bakagaruka mu muryango kandi ko zuguru ,zuguru atawo yerera ahubwo kuja hamwe bakifatikanya n’abandi kuduza ikivi ariwo muti.

Ubutumwa bwabo bukaba butagarukiye aho gusa kuko barakeje BDUSA ku bikorwa bitari bike bamaze kurangura mu gihe gito bamaze bavutse, aho bagashimangira cane ku gikorwa c’ishirahamwe co gufasha bene wabo bahuye n’impanuka z’imyuzurire hano mu BURUNDI.

Yemwe!ngo ivyo bakora barabibona.
Ni nayo mpamvu babahisemwo kugira batunganye ihuriro rukokoma ry’amashirahamwe y’abarundi bari muri Diaspora kw’isi yose ikazotangura kw’igenekerezo rya 01 gushika kurya 03 Mukakaro(07) umwaka wa2021, rikazobera ku mugabane wa Amerika mu kibanza kizotegurwa na BDUSA, nkuko tubisanga mw’ikite umushingantahe Japhet Legentil Ndayishimiye indongozi ya Diaspora yandikiye umushikiranganji w’Imigenderanire no Gufasha y’u Burundi nayandi makungu.

                     Uwifuza kumenya ivyiro kete yoraba hano musi

                               Inama Mpuzamakungu ya Diaspora

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 475