BurundiDiasporakirundiUncategorized

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana!

Twihweje igitabo citwe “The Seven habitis of Highly effective people” candistwe n’uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko , ibigize umuntu, bikamutera n’ukuba ashoboye ivyo ashoboye biri ubwoko kune; ivyo yise “determinisms”.

Genetic determinism: ibi abisigura avuga y’uko rero ari nk’impamba uba waratekerewe n’amaraso y’abosokuru kuva ku mamuko gushika uvuke. Mu buryo rero wewe wigenza , harimwo igihande gituma ubona ibintu uko ubibona. Hariho igituma wiyumvira uko wiyumvira eka n’ibindi vyose ukora.

Pschic determinism: Ibi bijanye rero ahanini n’indero ugenda urahabwa mu kiringo ukiri muto, ivyo baraza barakwigisha wohitamwo mu buzima kuko arivyo bita vyiza.( Les valeurs).

Environment diterminism navyo rero ni ivyo ,iyo ukuze wiga, bikaba bijanye n’uko ufatwa n’abo mubana mu buzima bwawe bwa misi yose, ubuzima ubayemwo mu gihugu ubamwo, agaciro uhabwa n’abantu bafatiye k’uko bakuzi …

Uwihweje rero ukuntu umuntu aba mu mahanga amererwa araheza akabona ko hari ibica bihinduka.

Muti gute?

Iyo rero umuntu agiye mu mahanga, araheza agasanga muri ivyo bintu vyari bimugize hari igihindutse , na canecane ufatiye kuri iyo ” Environmental determinism”. Ubafatiye mu buryo bw’impwemu, uca umengo abaye nk’igiti kiranduranwe n’imizi. Araheza akisanga mu bantu bamuraba ntibamenye ico ari muri iyo société nshasha aba agiyemwo kandi ivyo biraheza bikagira ingaruka mbi mu bwonko bwiwe nk’uko tugira tubibone.

Mu gitabo  12 RULES OF LIFE , an antidote to Chaos” canditswe  n’uwitwa ” JORDAN B. PETERSON  umuhinga, akaba ari n’Umwarimu wa Psychologie kuri Université ya TORONTO niwe yerekana ukuntu ubwonk bw’umuntu buheza bukigenza bufatiye k’uko abantu bagufashe muri iyo société ubamwo.

Ngo hari rero agahande kari mu bwonko, ariko kajejwe kurungika horomone yitwa sérotonine, iyo nayo ikaba ariyo ifise uruhara mu bijanye n’ukugubwa kw’umuntu ( Les humeurs) hamwe rero n’ibijanye umuntu agira akanyamuneza.( le bonheur).

Iyo hormone nyene niyo ituma umuntu rero ngo aheza kagira amaragamo, agashira ubwoba( les phobies) maze akagira ituze ( la sérénité).

Uwo mwanditsi, arerekana rero y’uko ako gahande karungika iyo hormone gaheza kakayirungika gafatiye ku gaciro uhabwa aho ubaye.

Nayo, ivyo tuzi n’uko, iyo umuntu ari mu mahanga, bifatiye kuri vyinshi biba bimutandukanya n’abo abayemwo, indimi bavuga, imibereho,ibara ry’urukoba…. aheza rero ugasanga vy’ukuri arabwe irarirari.

Ako gahande ku mu bwonko koko nta kigongwe kagira , karaheza kagaca gafata y’uko , gafatiye k’uruko kuntu ufashwe, katoheza ngo kakurungikire horomones zogutera ukuruhuka. Nyabuna gaca kama karungika Horomones zinyuranye nako, nyabuna ko kakagutera ukwama umeza amagabo, kakaguma kakwibuza ko utari iwanyu, ikibi na kimwe cogushikira gishobora guca gikwega uruhojojo rw’ayandi marushwa kumwe bavuga mu gifarasa ngo ” le malheur ne vient jamais seul”.

Ako gace ko mubwonko kabigira nk’ukugukingira kuko kaba kaherutse wahora aho kahora kumva ivyiyumviro vy’umuntu aremye, aho waza uriyumvira uti ” noba kino nokwikora kuri naka, nogwara naka yongwaza, nokena naka yongurana, eka nyene kurya k’uwuri mu biganza vy’umuvyeyi kuko kanatsinda Igihugu cakwibarutse nico muvyeyi wawe.

Ingaruka mbi n’iyahe?

Nk’uko nyene abivuga; mu kiringo ako gahande ko mu bwonko ngo kagumye karungika ibiguhanura kuguma umeze magabo( ivyo ntubimenya, biba ku rugero rwa inconscience) uraheza ugasanga n’iyo arose udufaranga kenshi duheza tuja tukujana kunywa ibiza gusinziriza, nk’ibinyobwa birimwo ibiboreza eka n’ibindi nyene vyose vyomera nk’ibiguhaye umunezero naho woba ar’uw’urume rumara, mugabo uwo musi ukaba uvuyemwo.

Ikindi naco kandi uwo mwanditsi n’uko ngo hari n’ibindi biheza bikaba bikarira uwo muntu iyo arose amafaranga, hambavu y’abamukorera ibiyovyabwenge, hari abandi nabo baba bamurindiriye bakamwereka ibintu vyinshi bamwemeza ko vyoheza bikamurosa uwo munezero ataronka mu buryo ndemanwa( via sérotinine) maze akaruhira kumarira twa dufaranga twiwe mu kugura ibitajanye n’urugero rw’iwe kuko yibaza ngo arose nka birya barya abona banezerewe vyoheza bikamutera nawe umunezero. Naho shwi!!!

Nico gituma, ukuja hamwe kw’abava mu gihugu kimwe bagahurira mu mahanga ari ikintu gikorana, kumwe ba Sokuru bayamaze bati ” Uwawe yoba iy’uba”! kandi bati “ubugirigiri bugira babiri”

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 545