BDUSAAlbinosBurundiDiasporadiaspora eventskirundi

#diaspora| Indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga yoba ari ngirakamaro?

Hari ukudatandukanya ubudasa buri hagati y’ inama mpuzamakungu y’abarundi baba mu mahanga, kumwe n’indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga ndetse kuri bamwe bikabatera n’amakenga.

Uko umwaka utashe hano mu gihugu cacu harahimbazwa indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga”Diaspora” nkuko tubishikirizwa n’indonzi za Diaspora y’Uburundi ngo imyiteguro igeze kure kandi barizeye ko bizogenda neza kuko ari igikorwa gitegurwa na Leta.

Mu kiganiro umuco c’ishirahamwe BDUSA uwuserukira diaspora y’ Uburundi  yakoranye na Indundi Radio yaratanze akanya gakwiye kugira uwufise amakenga n’utubazo ku bijanye n’urwo rwego.

Mushobora gukurikirana Japhet Legentil  Ndayishimiye aho atuyagira no ku bibazo bahura navyo n’uko bavyifatamwo.

Imisi ikaba iharurwa ku ntoke kugira indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga itangure hano mugihugu, imyiteguro ngo ikaba iteye kure.

Mwomenya ko mu mwaka uheze wa 2019 iyo ndwi yari yatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kuri 26 Mukakaro ku civuga kivuga ngo: “La Diaspora Partenaire Important pour la Mise en Oeuvre du Plan National de Developement”

Mu  makuru yacu yo hanyuama tukazobamenyesha uko ibikorwa bitegekanijwe, tukanazobamenyesha n’ingingo zategekanijwe muri kino gihe imipaka myinshi icugaye ku mvo zo kwirinda ikiza ca Korona.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514