BDUSAAlbinoshomepagekirundisociete

#Diaspora: Ishirahamwe BDUSA riherutse kubura umunywanyi waryo

Nk’uko bishikirizwa na bamwe mu ndongozi z’ishirahamwe ry’abarundi bose baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika, BDUSA mu mpfunyapfunyo y’ururimi rw’icongereza (Burundian Diaspora in USA), iryo shirahamwe ngo riherutse kubura umugabo w’ijunja n’ijambo Baltazar Miburo.

Nk’uko biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona, ngo uwo muhisi Miburo yari umunywanyi akomeye akongera akaba yari afise umwete n’ubwirana canecane mu kwigisha abandi barundi ivyiza vy’ukwinjira muri iryo shirahamwe akaba ndetse yari amaze kuryinjizamwo abatari bake.

Uwo muhisi akabayitavye umuremyi ku munsi wa gatatu uheze igenekerezo rya 4 Nyakanga umwaka w’2019, amatohoza akaba akibandanya kugira hamenyekane icoba cishe uwo muhisi.

Akaba yari yabonye izuba mu mwaka w’1975 akaba asize umutambukanyi Denise Ntigirinzigo abana umunani bagizwe n’abahungu babiri hamwe n’abigeme batandatu hamwe n’imbanyi.

Ikigandaro kikaba kiriko kirabera ku rugo rw’umuhisi inomero 3415 S.avenue muri Missouri.

Ku mvo z’uko mw’ishirahamwe BDUSA ngo batari bwateguro indinganizo y’intererano zizoza ziratangwa, iryo shirahamwe rihamagarira umunwanyi wese guterera amafaranga atari munsi y’amadorari atanu kugira ngo bashobore gushingurana iteka uwo muhisi.

Indundi Magazine irahojeje umuryango wabuze hamwe n’ishirahamwe BDUSA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758