BDUSAAlbinoshomepagekirundisociete

Diaspora : Ishirahamwe BDUSA ryakiranye urweze umuserukizi mushasha Amb. Gaudence Sindayigaya


Abarundi bose baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika bahurikiye mw’ishirahamwe BDUSA (Burundian Diaspora in USA) bakiranye igishika umuserukizi mushasha yaje kuvugira no guserukira Uburundi n’abarundi muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Ambassadeur Gaudence Sindayigaya.

Mw’ijambo ry’ikaze, umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe ry’abarundi bose baba muri Amerika, umushingantahe Samuel Ndayiragije yasiguriye uwo muserukizi mushasha imigabo n’imigambi y’iryo shirahamwe ahanini rishimikira kw’iterambere ry’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika no guteza imbere igihugu cabibarutse, aribwo Burundi bwa Nyaburunga.

Yamenyesheje ko iryo shirahamwe atanyungu za poritike riharanira n’ubwo rigizwe n’abahurikiye mu migambwe itandukanye ndetse n’ubwoko butandukanye, amenyesha ko nyabuna ikibaraje ishinga ari ugusenyera ku mugozi umwe nk’ubunyegeri mu butandukane bwabo.

Mwomenya ko iryo shirahamwe rimaze gutora indongozi ziriserukira mu mareta ashika kuri mirongo ibiri rikabandanya rihamagarira ayandi mareta atarashiraho indongozi ko yokwikubita agashi nayo agaca mu makanda y’ayo yandi mareta amaze kwisuganya.

Umushingantahe Samuel Ndayiragije yarangije ijambo ryiwe ashimira Ambassadeur Sindayigaya aboneraho n’ukumushikiriza akaganuke iryo shirahamwe ryari ryamuteguriye yongera kandi amwipfuriza kuroranirwa mu mabanga agiye kurangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758