Entertainmenthomepagekirundisociete

diaspora| Kaka Boney yahisemwo kuririmbira umugore kubera ubutwari bwiwe

Mu rukurikirane rushasha rwa Kaka Boney ngo  higanjemwo gushimira uwumuhimbara muri vyompi.

 

 

Atibagiye indirimbo imwe yo guhimbaza Imana Kaka B yahavuye ahebera igice kinini c’urukurikine rw’indirimbo ziwe agiye gushira ahabona umugore wiwe.

 

Urukurikirane yise Mama watoto nirwo rwamutumye afata urugendo rugana Portland Main kur’uwu wa 12  myandagaro(08).

Ikitari kimenyerewe kuri Kaka Boney nuko yemanze kurubuga rwiwe rwa facebook ko indirimbo nka zose avuga ubutwari bw’umugore wiwe.

Urwo rukurikirane rukaba rugiye guherahezwa n’umuhinyanyuzi wa hano iwacu Alon Tunga.

 

Ahejeje kumenyesha urugendo rwiwe kw’igenekerezo rya 08/08 uwo mushingamateka atagira yebo yebo yambwiye abamukurikirana ko yemanga kuririmba ubutwari bw’umucance wiwe , ubamukurikirana nabo bavuge ivyo babona, ntibatevye ku mwishura ko bakunze cane ico ciyumviro ariko bakaba batamwihanganiye aho bakoresheje amajambo asa nayo kumuca intege aho bamumenyesheje ko yigeze kuririmbira umwe  migambwe ya hano iwacu biraryoha mu nyuma yicuza ico yabikoreye none bafise amakenga ko azohava aririmbira umwamikazi wiwe mu nyuma akacuza.

Ntituratora uwo munyabuhinga n’ubumenyi kugira tumenye vyinshi kururwo rukurikirane ariko tukazoguma tugerageza kugira tuvugane nawe.

Kaka Boney akaba ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bashoboye, bafise ijwi ryiza kandi banashoboye n’umuziki uvugirijweho (Live) abu akaba abarizwa mu mabanga kurahura ubumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770