diaspora musicEntertainmenthomepagekirundi

#Diaspora| Kaka Boney:Ntashobora no kwica inkoko nokwica umuntu gute?

Sishobora kuzokwibagira na gato ibigeragezo naciyemwo ngishika mu gihugu ca America, iryo niryo jambo ry’umutwe rigaragara mu butumwa bucanze n’akakabaro bwatanzwe n’umushingamateka Bonavunture Havyarimana azwi kw’izina rya Kaka Boney.
Aho ni mu gihe yari yashatswe kugurishwa na bamwe muri bene wabo basanzwe baba murico gihugu bamwagiriza ubwicanyi bw’abantu bashika kw’ijana(100) yoba yarishe.

Kuri Bonaventure yabibonye nk’igitangaro kuko afatiye Ku karorero k’ireresi (Movies) yakunda kuraba y’uwo yise Rambo ntiyaribwigere abona yica abantu bashitsa ico gitigiri, kuko we ata n’ikoko arigera yica.
Kaka Boney agira ati:” No murugo iwanje umuntu ategura inkoko n’umugore wanje jewe vyarananiye tureke kwica.”

Arongera ati:” Nagomba ndabamenyeshe ko ko Kaka Boney aheruka kurwana na mugenzi we igihe yiga muri primaire muri 4eme.”
Ayo majambo akaba yayashize ahabona muri iyi ndwi y’imyiyamamazo twaraye duheje azoha uburenganzira indongozi zishasha zizorongora u Burundi aho bukera , akaba yabicishije Ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Facebook.
Akaba yanaboneyeho akanya ko kubabarira ku mugaragaro ababikoze kuko abazi, kandi akabasaba kuba amahoro no gutera imbere bakavavanura n’agatima kubukoko.
Arangiza itangazo ryiwe asaba abarundi kurengera ubwoko bwabo mu kubona mu budasa bwabo, agashinga intahe avugako Ko nubwo abamwagiriza ivyo bitwaje ubwoko bwiwe, abo yabonyeko urukiza, bagahaguruka bakavuga ko arenganywa akazi kiwe ari umuziki, arabo badasangiye ubwoko.

Mwomenya ko uwo mushingamateka ntasubirizwa asigaye ari mu gihugu ca America.
Mu makuru yacu yo hanyuma tu kazoba menyesha ibijanye n’akazi kiwe k’umuziki muri kino gihe ndetse n ‘imigambi afitiye igihugu ca mwibarutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769