Entertainmenthomepagekirundi

#Diaspora| Mkombozi : Igiteramo cabaye urudubi

Indirimbo Mkombozine yumvikanamwo amajambo y’ikiganda niyo yabaye imbarutso y’urudubi.

Ipfuhe ku baririmvyi b’abagande niryo ryatumye Mkombozi adaheza igiteramo uko cari gitegekanijwe.
Abantu isinzi bari bitabiriye igiteramo cari categuwe n’inzu y’ubunwero Long Street bar “ku muganuro”ibarizwa mu gisagara ca Kampala batahanye imyidogo irimwo n’umwikomo kuko bari baje kurorera igiteramo baheruka kera ku muririmvyi Nzeyimana Thomas.
Amaze kurimba indirimbo zishika kuri zitatu mu mirongo itatu yari yitegekanije, yahavuye yakwa indongoramajwi micro igiteramo cari kiriko kivugirizwaho (live) kiba gihindutse ica CD indirimbo, z’abaririmvye b’i Manamba zisubizwa ijambo,Thomas abura ic’epfo n’ica ruguru araruhuka.
Haba ku bateguye igiteramo, haba ku barorerezi bose barabuze insiguro bobiha.

Ico giteramo kikaba cari mu rukurikirane uwo muririvyi ariko arakora mu gihugu c ‘Ubuganda ndetse aho ariko aranakora n’indirimbo zitari nke harimwo iziri mu rururimi rwaho.

Tumubajije ivy’ico giteramo yatumenyeje ko atakibera ubusa we ico yakoze ari ukuvyakira uko vyabaye akanaremesha abakunzi biwe ko ibindi biteramo bitegekanijwe bazoronka akanya ko kwiginana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769