Entertainmenthomepagekirundi

#Diaspora| Mkombozi|Ubutumwa bwiwe ngo n’ibwihumure

Inyuma y’indirimbo “Songambere” yakunzwe cane, Mkombozi yashize ahabona indirimbo Corona.

Akarinyuma karahinda niryo jambo ry’ihumure kubakunzi biwe, anatanga n’ubutumwa bw’ihumure ku bantu muri rusangi, aho amenyesha ko atako bakoze kugira bikingire canke barwanye Corona ariko yanse kugenda, ati aka n’akanya k’Imana ko iyomora ikagenda.
Rero indirimbo yiwe niyo guhamagara ubushobozi bw’Imana bukayomora ikagenda ico dusabwa ngo n’ukwizera Imana irayikuraho.
Nzeyimana Thoma azwi cane mw’izina Mkombozi akamenyesha ko indirimbo yamujemwo mu kanya gato aca aja muri studio igikorwa kitarengeje amasaha abiri gusa.
Muri kino gihe Hasta akaba abarizwa mu gisagara ca Dar is Salama iyo ari mu rugendo rwa kazi.
Uwo asigaye azwi kw’izana rya Lucifer akamenyesha abakunzi biwe ko bokwitega Colobo, hamwe n’amasanamu y’indirimbo(video clipe ) igikorwa kitari kimenyerewe kuriwe.
Mwomenya ko muri kino gihe ariko ategura urukirikirane azoshira ahabona mu Gihugu ciwe c’amavukiro mu misi ya vuba, mu kurindira zimwe mu ndirimbo akazoza arazitanga buke buke kuko ngo imbuto y’Imana aho itewe hose iramera.

https://youtu.be/7ondBPdEybk

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769