BDUSAAlbinosDiasporadiaspora eventskirundi

#Diaspora| Tharcisse Rucintango yaryamiye ukuboka kw’abagabo

Ishirahamwe (Baho) rigizwe n’abarundi baba muri Arizona Ku mugabane wa America riramenyesha n’umubabaro mwinshi urupfu giturumbuka rw’umushingantahe Tharcisse Rucintango.

Nkuko bishikirizwa n’ubuyobozi bwa Baho, bamenyesha ko iyo nkuru y’incamugongo bayironse mu gatondo ko kuri uwu wa 03 Mkukaro(07) 2020, akaba ahitanywe n’urwakarago rumwihutishije kuko yari yafashwe bukumbi kw’igenekerezo rya 02 Mukakaro.

Nyakwigendera akaba yamuka muri komine Nyanzalac iri mu ntara ya Makamba, akaba asize umukenyezi yitwa Versiane azwi kw’izina rya Maman Rayi, kumwe n’abana 8.

Tharcisse akaba yari u Murundi yaba Ku mugabane wa America muri Arizona aho yarahamaze imyaka irenga itanu aba Campbell 23rd Avenue, n’abasigwa biwe akaba ariho bari muri kino gihe.

Nyakwigendera akaba yarumushintahe w’umuhanuzwajambo mu barundi baba kuri uwo mugabane, akarangwa n’umutima w’urukundo no gufashanya, ndetse n’ibibondo vyiwe bikaba ari kiremesha mu guteramisha abarundi mu bihe baba bahuriye hamwe.

Uruganda rwa Indundi Magazine rukaba rumwifurije kuruhuka amahoro, Imana imwakire mu bwami bwayo, ruranahoza n’umuryango wabuze, ndetse n’abarundi babarizwa kuri mugabane

What's your reaction?

Related Posts

1 of 473