DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#Diaspora|Baho ntirigera ija muri zuguru, irangwa n ‘urukundo

Kuva mu mwaka wa 2008 gushika 2021 muri Leta ya Arizona, abarundi babayo bahurikiye mu muryango wagutse wo gufashanya bise Baho.

Bamwe mu bagize Baho

Boha ikaba ari imwe mu ma kominote, yo muri America ibarizwamwo abarundi bashika ku 4000 nkuko bishikirizwa n’indongozi z’iryo shirahamwe.
Umushingantahe Jean Paul abazwa iyo kominote amenyesha ko kuva ritangura gukora ku mugaragaro bamaze kurangura ibikorwa bitari bike harimwo gufashanya mu bihe bibi n’ivyiza.
Baho ngo ni umuryango mwiza uwariwe wese yokwifuza kandi ukaba utandukanye n’iyindi miryango iragwamwo, indyane na zuguru zuguru zifatiye ku burongozi.

Indundi Magazine mu gista cayo ca Diaspora, ikaba yashimye kumenya nyimba ibibazo n’indyane bifatiye ku mafaranga y ‘abanywanyi birangwa mu ma kominote y ‘abarundi menshi kw’isi muri Baho naho vyoba ariko vyifashe.

Iyo ndongozi ya Baho ikaba yatumenyesheje ko ata ma faranga baka abanwanyi ahubwo baja hamwe bakaraba uko bafashanya mu kibazo icarico cose kibonetse mu muryango.
Bakaba bafise inzira bategekanya ku bonamwo uburyo , aho yatumenyesheje ko muri Arizona abanyeshirahamwe bitunganije neza baronka ubufasha haba ku bagira neza, ndetse no mu babakurira mu vy’intwaro.
Tumubajije ku kibazo kijanye n’ umwe mu bahoze barongoye iryo shirahamwe Sammuel Ndayiragije yagirizwa gusahura ubutunzi bwa Baho na bamwe mu baterekwa uburongozi bwiwe muri BDUSA, yatumenyesheje ko atavyo arigera abona canke ngo yumve , kandi kw’ ataco bariko baramubaza muri Baho.

Mwomenya ko Baho ata bikorwa irangurira mu Burundi, babanje kubanza kwitunganya neza, bakazoja hamwe biga uko bofasha mu nyuma.
Nayo ibikorwa vy’iryo shirahanwe bikaba bitariko bigenda neza nkuko babitegekanya ku mvo za ca kiza gisibije isi kigatuma bataja hamwe ngo bategure imigambi yabo y’ iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 472