BurundiDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundi

#Diaspora|Umubabaro ni mwinshi mu barundi inyuma y ‘igandagurwa rya Makoroka

Abarundi baba mu gihugu c’Uburusiya bamenyesha ko bameze nk ‘abakubiswe n ‘inkuba inyuma yo kwumva amakuru y’igandagurwa bunyamaswa rya Makoroka Jolivet, umwe mu rwaruka rw’uburundi yahora yiga muri kaminuza yigisha ivyo kwubaka i Moscow.


Ayo makuru y ‘agacamugongo akaba yatanguye kumenyekana kuri uwu w ‘Imana igenekerezo rya 25 Gitugutu inyuma y ‘imisi itatu abuzwe irengero.

Nkuko vyashikirijwe na Eduard Bizimana aserukira Uburundi mu Burusiya ngo ikiziga cuwo musore catowe hafi y’uburaro bwiwe haruhande hakaba hashizweho i foto y’igishushanyo gikunzwe gukoreshwa n ‘intagondwa z’abarusiya.

Edward akabaya yaboneyeho akaryo ko guhoza umuryango ndetse n’abarundi muri rusangi.

Arongera akanabahumuriza mu kubamenyesha ko ubwo bwicanyi atari ubugamije kwica abarundi baba murico gihugu, ahubwo ari ubukozi bw ikibi bwohitana n’uwundi muntu uwari wese, akaba yanamenyesheje ko amatohoza yatangujwe kandi ko muri ambassade babikurikirabira hafi.

Mwomenya ko mu gihugu c’Uburusiya hari urwaruka rw’abarundi rurenga 200, nayo Jolivet akaba abaye umunyeshure agize kabiri yiciwe muri ico gihugu nkuko Ambassadeur Bizimana yabimenyesheje ijwi rya America.

Indundi TV ikaba ihojeje umuryango w’amaraso wabuze, umuryango wa Diaspora , n’abarundi bose muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 512