BurundihomepagekirundiPolitique

Dieudonne Nahimana agiye gutangura gukebura abafata ingingo

Inyuma yo kugerageza kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, ariko ntiyaronka ico kibanza, Dieudonne Nahimana yasubiye kuboneka mu kindi gikorwa.

Imboneza Talk Show n’ikiyago categuwe na DNF, Dieudonne Nahimana Foundation, kikaremeshwa nawe nyene ubwiwe. Ico kiyago kikaba kizoza kiratumirwamwo abantu batandukanye bafise ivyo bamaze gushikako ngo bashinge intahe, banagire ico bahanura abandi. Hakaba hamaze gutumirwe DUDU Niyukuri, Francine Niyonsaba n’abandi batandukanye.

Nkuko aheruka kubishikiriza mu kiyago giheruka, aho bariko bavuga ku gisata co kwinonora imitsi, ngo ico kiyago kije gufasha mu gukebura abafata ingingo mu buzima bw’igihugu haba mu mashirahamwe co kimwe no muri Leta.

Yagize ati : “Nagomba Nibutse ko iki kiganiro kizokwama kiba, Ntikizoba kuvya Sport gusa, n’ikiganiro kizokwama kiba kugira dukebure abantu bariko barafata ingingo, ku buzima bwa misi yose bw’igihugu, amashirahamwe, kugira turabe uko twoteza imbere ingabire n’ingabirano Imana yaduhaye.

Ico kiganiro DNF ikaba iriko igitegurana na Ubuntu Agency isanzwe inakomoka kuri iyo Fondation nyene. Abagikurikirana bakaba bashobora kwishikira aho kiba kiriko kirabe, canke bakagikurikirana kuri Facebook ya DNF canke ku rubuga rwa ZOOM.

Aha mukibuka ko mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yaheruka gukora yari yabajijwe ico agiye gukora ko ihiganwa yarimwo ryarangiye, akaba yamenyesheje ko agiye gusubira mu buzima yahoramwo imyaka myinshi imbere yuko iryo higanwa ritangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764