Entertainmentkirundi

DJ Ira yahimbaje amezi 5 ahawe ububasha bwo kwitwa Umwana w’Imana

DJ Ira uno musi ngo aharurwa mu ma Miliyaridi y’abantu bemeye gukurikira Yezu kirisu ngo ababere umucunguzi, ariko Kandi anatera intambwe mu kubatizwa mu mazi menshi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram rugeze ku barukurikirana bariko barababa 200,000 yabasangije video aho yariko arabatizwa mu mazi menshi.

Uwo murundikazi ari mu ba DJ bakunzwe cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yavuze ko iyo ariyo ngingo nziza bafashe kuva. Urwo rugendo ntiyarutanguye wenyene, ahubwo yarufatanije n’umugenzi wiwe bakunda kuba barikumwe kenshi cane, nkuko dukunze kubibona Kuri Instagram, uwo nawe ni Sarah Umwamikazi.

Urwo rugendo rwo kuja mw’ijuru, DJ Ira yarutanguye igenekerezo rya 24/9/2022, ubu akaba akwije amezi 5 ahawe ububasha bwo kwitwa umwana w’Imana.

Uwo mu DJ w’umunya Gitega, akaba azwi cane kuba umu Dj yitonda cane muri ico gisagara ca Kigali, ariko Kandi akaba n’umu Dj w’umukobwa atwara ubushimwe bwinshi mu mahiganwa y’aba Dj.

DJ Ira akaba Muri kino gihe akorana Kiki Touré ahazwi nko Kwa Jules, bakaba bakorana rimwe mu ndwi. Kiki akaba ariwe atangura na Karaoke, noneho nawe akamukurikira kugira aryohere ababa bari muri ako kabare gaherere ahitwa Remera I Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550