BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Dj Oli ngo ntawe yatunze urutoke, ahubwo yavuze ibimubogabogamwo

Indirimbo “isi n’ab’isi” ngo nta muntu umwe canke 2 bari bagenewe ubwo butumwa nk’uko abatari bake bashobora kuba bavyibaza, ivyo nivyo uwo muririmvyi yaganiriye n’imwe muma Webtv ya hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko iyo ndirimbo yari mu gitigiri c’izindi yashaka kuzoshira ahabona. Ubwo butumwa bavuga ko yashaka guha uyu canke uriya ngo niyo majambo yabogaboga muriwe muri kino gihe.

Muri ico kiganiro nyene yagiranye na Webtv ʺNyagiraʺ, uwo muririmvyi yavuze ko mu majambo yaririmvye muri iyo ndirimbo yakorewe amashusho y’amajambo ngo harimwo ayo yanditse haraheze imyaka 5.

Muri iyo ndirimbo uwo muririmvyi akaba agaruka ku ndirimbo Hit aho avuga ko kugira zikorwe bisaba amafaranga, mbere n’ama Awards nayo ngo uyaronka aruko ufise amafaranga, n’ibindi bitari bike avuga ko bishobora kurabishwa mu buzima busanzwe co kimwe no mu buzima busanzwe.

Mwomenya ko DJ Oli ashima cane uko abantu bariko barakira iyo ndirimbo, aho akavuga abumviriza ubutumwa burimwo, akizera ko abo vyega ivyo yavuze bazoheza bakikubita agashi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744