East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

DJ Theo n’ikiganiro ciwe African Show bari mw’ihiganwa I Kigali

Ikibanza ca 2 nico ikiganiro African Show ca Dj Theo gifise mw’ihiganwa ryateguwe na Karisimbi Events bise CCA (Consumers Choice Awards) I Kigali mu Rwanda.

Muri iryo higanwa harimwo imice myinshi ariko umwe ni ibiganiro vy’imyidagaduro (Entertaiment) bicishwa ku mboneshakure mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho harimwo ikiganiro cahora gicishwa kuri Télé Renaissance hano iwacu, ariko kikaza kwungururiza i Kigali mu Rwanda ku mboneshakure BTN.

Ico kiganiro gisanzwe gikorwa na wa mumenyeshamakuru nyene Dj Theo aho aba ari kumwe n’uwundi mwigeme w’umunyarwandakazi, kikaba rero kiriko gihiganwa n’ibindi biganiro bitandukanye nka Flash Hype gica kuri Flash FM, The Band Up gica kuri Isango, Vendre guca kuri ISIBO canke Friday Flight gica kuri RTV .

Mu butumwa bwagiye buhanahanwa hirya no hino abarundi bakaba babandanije bahimiriza ngo bamutore kugira aronke amahigwe yo gufata ikibanza ciza muri iryo higanwa.

Ico kiganiro African Show kikaba uno musi kiri mu biganiro vy’imyidagaduro bisanzwe bikunzwe cane muri ico gihugu, akaba kandi na ari kimwe mu biganiro bicishwamwo indirimbo za hano iwacu akatari gake.

Nuko rero Tubasabe mwebwe mwashimye gusoma ino nkuru ngo dushigikire uwo mumenyeshamakuru nawe asanzwe ashigikira cane abaririmvyi ba hano iwacu biciye kuri iyo Link https://karisimbi.events/consumers-choice-awards-cca/tv-entertainment-show-of-the-year , ukaba uca ubona ahanditse African Show- BTN.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 692