homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Double Jay iyamujanye yamaze kumugarukana mu gihugu

Uvuze Biliman boys twumva Double Jay na Kirikou abaririmvyi babiri mu nyuma yo kuba batakibarizwa muri Bantu Bwoy bahisemwo gukora umurwi umwe.

Indirimbo “Ibisusu” niyo bamaze gukora kuva aho bafatiye ingingo yo kuja hamwe. Iyo ndirimbo yarakunzwe ku buryo no kumbuga ngurukana bumenyi ibashoboza kuronka abantu umuriyoni urenga bayikurikirana ku rubuga rwa youtube.

Kuva igenekerezo rya 27 Ruheshi 2022 Double Jay yari yafashe rutemikirere yerekeza mu gihugu ca Tanzania neza na neza muri Zanzibar ariko ntiyashimye kuvuga ivyagiye gukorayo gusa yasavye abakunzi biwe kubandanya bamushigikira.

Ivyo benshi bagumye bibaza vyinshi bakaburira inyishu
indundi magazine yashimye kumurondera igenekerezo rya 4 Mukakaro 2022 kugira bavugane tumwe n’utundi, Double Jay yaritavye ku murongo wa Telefone

Indundi magazine : Bite umeze neza? amakuru y’urugendo?

Double jay: Meze neza ndashima gusa naragarutse.

Indundi magazine: Ooh ok wagarutse ryari?

Double jay: Kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 2 Mukakaro.

Indundi magazine: none watuzaniye ibiki?

Double jay: Ivyo nabazaniye vuba muzovyumva

Indundi magazine: Ico gikorwa wagikoranye nande?

Double jay: Biracari ibanga gusa nimurindire ibikorwa ni vyinshi mugiye kubibona hamwe n’ivyo nakoreye ngaha mu gihugu.

Indundi magazine : Ok Hama kucerekeye Oscar ku majambo amaze imisi aca hirya nino avuga ko mutagicana uwaka ubivugako iki?

Double jay: ivyo ntaco ndabiziko

twarangije tumushimira twongera tumwipfuriza kubandanya atera imbere.

Tubandanye turindiriye ivyo bikorwa vyiwe tunabibutsa ko na Cameleon igihe aherukira mu gihugu c’Uburundi hari indirimbo bakoranye itaraja ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755