Entertainmenthomepagekirundi

Double Jay na Keny sol bagiye guhurira kuri Stage imwe

Double Jay na Keny sol vyatanguye tubonye indirimbo bakoranye izwi kw’izina rya “Qualite” indirimbo yakoze amateka, kuko yakunzwe mu Burundi no mu Rwanda.

 

 

N’abaririmvyi bompi bakomeye narirya tuzi neza ko indirimbo ihuriyemwo abariririmvyi (collabo) ikundwa cane,kandundura nuko yari ihurikiyemwo abaririmvyi bavuye mu bihugu bitandukanye mu Rwanda no mu Burundi.

Abaririmvyi baririmbanye bikunze kurangirira hiyo, ariko Double Jay na Keny Sol bararonse amahirwe yoguhurira mu giteramo kimwe kugira bikunde indirimbo yabo bayiririmbe amaso muyandi imbere y’abakunzi babo.

Ico giteramo kigiye kubera mu gihugu c’Uburundi igenekerezo rya 10 Ruhuhuma ahitwa kuri Miki iri avenue du Large guhera isaha icumi z’umuhingamo gushika buce.
Ukwinjira akazoba ari ibihumbi 10, VIP:50 canke ibihumbi 500 ku meza yabantu 5, bakazoba barikumwe n’abaririmvyi nka Drama T, We Love Music,Alvin Smith,Wiz Designer na Olegue

Murahawe ikaze kuza kwibonera umuziki mwiza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769