IKIRUNDI_news

Double Jay na Kirikou bagiye kwishura vyose bibabakiye

Ni mugihe kuva aho baviriye muri wa muryango bahoramwo Bantu bwoy. Igituma bavuyeyo vyarateye ibibazo bitari bike kuko uko vyasigurwa mu majambo vyari bitandukanye n’ingiro bavuga ko ari amasezerano yaheze kandi n’ubwo aheze bazoguma bafashanya ariko si uko vyangenze.

Akarorero iyo uvuze umuntu komwavanye neza kandi muzobandanya mufashanya ntibiba ibanga abari mu bumwe biragaragara ntivyihisha.

Dufatiye ku karorero ka hafi kw’isabukuru rya mavuko rya Big Fizzo igenekerezo rya 25 mukakaro 2021 yaba Double Jay canke Kirikou nta n’umwe yagiye no kumuramutsa canke anavyerekane ku mbuga ngurukana bumenyi ko bamwipfurije n’isabukuru ryiza kandi yari n’umusi banahuriye mu giteramo kimwe.

Ni igiki cinyegeje hagati yabo? Inyishu yavyo tuzoyihabwa ejo aho bahamagariye abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo igenekerezo rya 30 mukakaro 2021 isaha zine zo mugitondo kuri la pirogue.

Gumana na Indundi Magazine tuzoba twakubereye ijisho n’ugutwi.
Turabakunda

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021