IKIRUNDI_news

Babbi ngo Bikini n’utumini abarundi bambara aho hambere nta tandukaniro ririmwo

Muri ino misi indirimbo Njana n’imwe mu ndirimbo ziriko zivugwa n’abatari bake, bivanye n’abayikoze canke amasanamu aheruka gushirwa ahabona na nyene iyo ndirimbo ariwe Babbi, asanzwe akorera ibikorwa vyiwe ku mugabane wa Amerika.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine, yatubwiye kuri iyo ndirimbo, Njana. Babbi avuga ko iyo ndirimbo ico yayikoreye ari nk’akaganuke (Gift) ku barundi, kuko n’iyo yashaka ko ishika muri rusangi ari ku barundi cane gusumba abanyamahanga.

Yagize ati :ʺ Indirimbo ya Njana, ndayita nka Cadeau ku Burundi n’abarundi bose n’abafana banje. Hama nkaba nayikoze mu kirundi kubera benshi basanzwe bamenyereye ko nkora mu giswahiri hama bakiyumvira ko nd’umu Tanzania, abandi bakiyumvira ko ndi umu Nigeria kuko mfise n’izo mvanga mu congereza.ʺ

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi twamubajije ku nyambaro iboneka muri iyo ndirimbo, aho abigeme bambaye uduhuzu two musi bakunze kwita ʺBikiniʺ, nimba atibaza ko abantu bazohava babona ko yoba atahesheje agaciro imico n’imigenzo y’Uburundi.

ʺSinibaza ko abantu bohava bibaza ko twagiye hanze y’imico y’ikirundi, kuko turavye n’imico y’ikirundi aho hahise, twarambara ubumini nk’abarundi, impuzu twambara nkuku twambara uyu musi twaje kuvyigishwa n’abazungu, rero ntibisigura ko yuko ivyo abazungu baje kutwigisha kwambara kwariyo mico y’ikirundi batuzaniye. Imico yacu y’ikirundi twarambara ubumini, rero n’ibisanzwe kwambara Bikini, kuko Bikini n’ubumini ntaho bitandukaniye.ʺ

Muri ico kiganiro muzokurikirana ku rubuga rwa Youtube rwa Indundi Tv mu misi ya Vuba, uwo muririmvyi yanagarutse ku kijanye na Views z’indirimbo ziwe, aho we avuga ko atarico kimuraje ishinga.

Mwomenya ko amasanamu y’iyo ndirimbo isohotse mu gihe audio yayo yarimaze imisi ingana n’indwi 3 ku rubuga rwiwe rwa Youtube aho yarimaze kurabwa n’abababa 2000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020