Entertainmenthomepagekirundi

Drama T abaye umu Millionaire mu misi 3 gusa

Ku ma Views 300,000 yaronse Ku ndirimbo ITamporize, n’izishika 4,000,000 yakwije Kuri Madam, drama t ashobora kuba ariwe muririmvyi wa mbere mu Burundi akoreye amafaranga menshi cane mu mwanya muto abicishije Kuri YouTube, kuko yamaze gutanga igiharuro Banga coreshwa mu kugira hamenyekane ayo akorera.

 

Drama T ashobora kuba ariwe muririmvyi wa mbere mu Burundi yinjije amafaranga menshi mu mwanya muto, ayakuye ku rubuga rwa YouTube.
Kuva aho yerekanye uko yakoreye amahera ku rubuga rwa YouTube, aho yariko arabeshuza ku vyariko bivugwa ko yoba yaraguze Views ku ndirimbo ITamporize aheruka gusohora hakabonekamwo umuririmvyikazi Mow Kanzie, twabashije kubona uburyo twoharura amafaranga ashobora kuba yinjiza.
Dufatiye kuyo yari yakoreye twabashije kubona, hamenyekanye ko uwo muririmvyi ashobora kuba ahabwa ayangana n’27,300 ku Bantu 1000 baravye video yiwe ibarizwa ku rubuga rwa YouTube.
Dufatiye Kuri ico gitigiri, uwo muririmvyi akaba azoba yakoreye amafaranga arenga gato Imiliyoni 8 muri iyi misi iriko irinjira muri 3 asohoye Indirimbo Itamporize.
Aho naho tutavuze ayavuye ku zindi nka Madam nayo yakwije Views 4,000,000, kuko muri iyo misi iriko irababa 3 gusa, nayo yungutse views zababa 100,000.
S’ico gusa nkuko twari twababwiye, urwo rubuga rwiwe rwa YouTube rubandanya rukura cane, kuko rugeze ku barenga 80,000 mu gihe ku musi wa gatanu rwari ku barenga 69,000 barukurikirana.
Drama T rero akaba ateje uruhagarara atari ngaha iwacu, kuko ivyo ariko arakora muri ino misi vyajabutse n’i Kigali, aho abatari bake riniga, kuko hari abandi b’abarundi bariko bakora ibikomeye Kandi bitorohera n’abaririmvyi bamwe bamwe b’abanyarwanda gukora.
Ikindi gitumye uwo muririmvyi akundwa cane i Kigali, nuko bamwe mu banyarusaku bakunzwe i Kigali, batakireka gukoresha Indirimbo yiwe nka Madam mu kugira baryohere abantu ku mbuga zabo zikurikiranwa n’ibihumbi amajana vy’abantu cane cane abanyarwanda.
Naho Drama T ateje uruhagarara muri ino misi ngaha co kimwe n’i Kigali, ibintu bikaba bitazokworoha, kuko nkuko aho aheruka i Kigali yabishikirije, uwo muririmvyi yarajanywe n’ugukora Indirimbo zitandukanye n’abaririmvyi b’abanyarwanda bamwe bamwe Kandi muri ino misi bakunzwe gose, muribo hakaba harimwo na Ariel Ways, umwe mu bigeze bagezweho i Kigali.
Mu majambo yoroshe kuvuga, ubu Drama T aharurwa mu baririmvyi bateye nk’ibiza bitoroha guhagarika, kuko umuvuduko ariko uri ku rugero rukomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769