Entertainmenthomepagekirundi

Drama T atumye abanya Kigali bamwe agashavu kaja imutwe

Ibintu birakaze, kubona abarundi basigaye baronka ama Views umuliyoni, biteje ikibazo gikomeye i Kigali. bamwe bakaba batanguye kubona ko ivyo vyoba vyaturutse kuko abaririmvyi bamwe bamwe b’abarundi basigaye bahabwa ama Collabo n’abanyarwanda vyoroshe.

Nkuko umwe mu bakora comedy, akaba Kandi n’umwe mu bashikiriza ibiganiro Kuri imwe mu mboneshakure TV10 yabishikirije muri video yakoze, yavuze ko umuziki w’abarundi wasubiye Kandi kuba mwinshi I Kigali.
Ukwo gusubira Kandi kwumvikana ngo bikaba vyavuye ku baririmvyi b’abanyarwanda basigaye barugururiye imiryango abarundi mu kubaha ama Collabo y’urutavanako. We akaba avuga ko ngo baba abashasha n’abakora bose ngo bahabwa ama Collabo n’abaririmvyi.
Ukwo kworosha ukwo gukorana, ngo ni kimwe mu bitumye uwo muziki w’abarundi usigaye uvuzwa cane I Kigali. Kandi ngo ikosa n’irya abo baririmvyi ubwabo.
Uwo mugabo azwi kw’izina rya Ndahiro, yavuze ko abaririmvyi bari bakwiye kubanza Kwanza kwihangana bakubaka umuziki wabo, kuko nawo ngo nturabasha kuduza umutwe.
Uwo Mugabo yashigikiwe n’abandi n’abo bavuze ko ivyo bintu naho birimwo amacakubiri, ngo n’ukuri kudateye amazi, kuko abaririmvyi b’abarundi batanguye gukwiza views ama Miliyoni, Kandi ngo basigaye bazwi mu Rwanda, ibitari bimenyerewe.
Abandi n’abo bakaba bavuze ko boshaka bogenza gahoro, kuko abaririmvyi b’abarundi ngo bahagaze neza Kandi bazi umuziki.
Naho Taikun yaronse abamushigikira, abamutera ivyatsi nabo ntibabuze, kuko hari abagarutse bakamwibutsa ko nawe mu biganiro akora avuza Indirimbo zo mu giswahili myinshi cane.
Ivyo uwo mugabo akaba abishikirije mu gihe abaririmvyi b’abarundi bamaze gukorana ama Collabo n’abanyarwanda baharurwa ku ntoke, bakaba ari Drama T , Alvin Smith, Kirikou na Double Jay hamwe n’umuririmvyikazi Vania Ice.
Aha mukamenya ko iyi myidogo itanguye kuduga ari uko umuririmvyi Drama T avugishije benshi mu barundi co kimwe no mu Banyarwanda kubera uburyo Indirimbo ziwe ziriko zirakundwa cane. Mu rwanda co kimwe na hano iwacu, Drama akaba asa n’uwabaye Virus itoroshe kwivura.
Umviriza uko uwo Mugabo yabivuze muri iyo Video.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769