homepagekirundi

Drama T avuze impamvu atabonetse muri Festival ya Bantu Bwoy

Ku batabimenye ukutaboneka kwa Drama T mw’isabukuru rya Bantu Bwoy ryateguwe uno mwaka ku ncuro yaryo ya 2, ngo vyari bizwi na Big Fizzo naho atashimye kubishikirizako ikintu.

Nk’uko bishikirizwa na Drama T ubwiwe, ngo naho hamenyekanye muri kino gihe ko yatandukanye na Bantu Bwoy, abo muri uwo muryango bo babizi kuva kera.

Uwo mwanditsi w’indirimbo Your Man, avuga ko Bantu Bwoy bashira ahabona abazoboneka muri iryo sabukuru, Festival de l’independance, bari babizi ko adashobora kubonekamwo kuko atari hafi.

Mu kiyago na Juste Gael, yavuze ko atari mu gihugu yari yakubitiye muri Tanzania, ngo hari ibikorwa yari yagiyemwo.

Ivyo ngo bikaba bisigura ko atanse kuja mu biteramo vya Bantu Bwoy kuko bavanye nabi, ariko ngo n’uko akanya katamworoheye.

Mukamenya ko imvo nyezina avuga ko yatumye atandukana na Bantu Bwoy ari uko ashaka guha ikibanza abandi baririmvyi badashoboye kwikorera ibikorwa, kuko we ngo aho ageze amaze gukura bihagije ku buryo ashobora kwimenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755