Entertainmenthomepagekirundi

Drama T na Joel ngo bivye abanyarwanda

Mu gihe abanya Kigali batanguye gukubita agatoke kuko ngo Indirimbo z’abarundi zasubiye Kandi kwumvikana cane gusumba muri ico gisagara giharurwa mu vya mbere vyiza muri Africa y’ubuseruko, abandi n’abo bavuga ko uburyo indirimbo nka ITamporize ikoze n’uburyo Drama T aririmba vyibwe abanyarwanda.

Ya ndirimbo ya Drama T ibandanya ishusha umutwe abanyarwanda, ubu naho hatanguye ko ngo umuririmvyi Drama T hamwe n’umuhinyanyuzi yakoze Indirimbo biswe Ibisuma.

Mu misi iheze twari twababwiye ku bijanye n’inkuru yuko abanyarwanda bamwe bamwe riniga kubera abaririmvyi b’abarundi batanguye gukwiza ama Miliyoni y’ama Views Kuri YouTube.
Bamwe muribo bavuga ko igituma ziriko ziduga nk’izasaze, ari kubera abaririmvyi b’abarundi bugururiwe imiryango I Kigali mu guhabwa ama Collabo y’urutavanako.
Ubu rero uwundi yavuze ko abaririmvyi b’abarundi n’indirimbo zabo zigezweho ngo n’ivyo bivye I Kigali.
Nkuko bishikirizwa na Ally Soudy umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye b’abanyarwanda babarizwa muri Amerika, ngo Drama T uburyo aririmba yabikuye ku banyarwanda, ivyo ngo uvyumva wumvirije neza Indirimbo ziwe.
Indirimbo ITamporize uburyo ikoze, n’umudiho irimwo, bashaka ngo nyenevyo ni Element, ikibuzemwo gusa ni ka Kajambo Eleeeee.
Ivyo akaba yabiyagiye umugabo w’umunyarusaku atazi kubika ibanga yahawe, Muzarafu batazira Ddhumba, uyu nawe aba abishize ku rubuga rwa Instagram, rukurikiranwa n’ibihumbi vy’abantu.
Mu kwiregura, Ally Soudy abonye ko vyagiye kwi barabara , yavuze ko vyari ivyo muri Private, ariko ngo nawe aremera ko umuririmvyi Drama T. Ari mu baririmvyi bafise impano yo kuririmba.
Ivyo vyashikirijwe na Ally Soudy bikaba bitanyuze Ddhumba kuko yahaye Ally amezi 6 gusa, ngo azosanga abaririmvyi b’abarundi bahagaze neza cane gusumba abanyarwanda.
Ibi bikaba vyashikirijwe mu gihe bivugwa ko i Kigali umuziki w’abarundi wasubiye Kandi kuba mwinshi, aho bamwe batanguye no gukubita agatoke, kuko ngo iyo yoba ari intango y’ukuzima kw’umuziki w’abanyarwanda.
Izi zuguruzuguru zikaba zitanguye mu gihe abaririmvyi nka Drama t, Kirikou Akili na Double Jay bamaze gukora ibikora Inka mu ndirimbo zabo zitari nke baheruka gukora, aho vyabonetse ko zakunzwe cane I Kigali, Kandi zikanarabwa ku buryo bikomeye, bituma n’abanya Kigali basa n’abahinze umushitsi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769