Entertainmentkirundi

Drama T yasumbijwe ijwi n’uwamwiyitiriye ku rubuga rwa Twitter.

Uwo muntu atazwi yiyise Drama T, atangura kugira ivyo ashira Kuri urwo rubuga, abaTwip batanguye kumwibazako, ubu rero hamenyekana ivyiwe.

Asangije abantu ivy’amahiganwa bivugwa ko bamushizemwo, ariko bakihenda ku bwenegihugu bwiwe, kuko bamwise umunyarwanda, abantu baciye batangura kwibaza nimba vy’ukuri ari Drama T.
Umwe mu bamukurikirana atangura kwibaza muri comment nimba yoba arivyo ko ari Drama T. Umumenyeshamakuru Elsie Gretta abishiramwo ukuboko atangura kubaza.
Haheze amasaha makeya, uwo mumenyeshamakuru yavuze ko bwabundi uwo muntu ariko arakoresha urwo rubuga ngo atari Drama T, ari uwundi muntu. Ubu hibazwa ico agamije mu kwiyita Drama T.
Mu kiyago yagiranye na Drama T, Elsie Gretta abarizwa i Buraya muri ino misi yerekanye ko urubuga rwa Twitter rwa Drama T Ari urundi atari urwo rugize imisi rukundwa.
Uravye neza izo mbuga uko ari 2, urwo rushasha rugeze ku barukurikirana barenga 300, rukaba rutaramara indwi 2 rukozwe, Kandi rukaba rumaze gukurikiranwa n’abatari bake mu bakomeye muri Entertainment hano iwacu, barimwo abaririmvyi, aba Bloggeurs, ibinyamakuru eka mbere n’abamenyeshemakuru batandukanye, tutibagiye n’abafana. Nayo urw’ukuri rwa Drama T rukaba rumaze gukurikirwa n’abaharurwa ku ntoke Kandi rumaze hafi imyaka 2.
Izo mbuga zibiri ntizikoreshwa kumwe, kuko urwo rumwiyitirira rushirwako ibintu buri gihe, nayo urwo rwiwe ruheruka gushirwako ikintu mu kwezi Kwa 12 mu mwaka uheze.
Ibi bikaba atari irya mbere kuko n’abategetsi bakomeye bahora babikorerwa cane cane Kuri Facebook, aho bamwe bamwe mu babakurikirana bibwa amafaranga bemererwa ibi canke biriya, noneho bakizera ko aribo Kandi ataribo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550