Entertainmentkirundi

Drama T yavuze impamvu muri Bantu Bwoy atasohora nka Double Jay na Kirikou

Akibarizwa muri Bantu Bwoy, umuririmvyi Drama T ngo ntiyihutiye gusohora indirimbo, ahubwo yihutiye kwiga.

 

Uwo muririmvyi uno musi atakibarizwa muri Bantu Bwoy, yabwiye Juste Gael ko igituma atashobora gusohora Indirimbo nyinshi nka Double Jay na Kirikou, nuko yaragifise vyinshi vyo kwiga.

Drama T ngo ivyo babona aririmba uno musi, ngo nivyo yize Kandi nta handi yavyigiye atari muri Bantu Bwoy. Big Fizzo bwa bundi ngo yakoze ibikomeye.

Yagize ati :” ikibazo kwari ukungene nshobora kwiga uko Big Fizzo, Double Jay, Kirikou bakora, kubera ko jewe nari mu bantu bahawe amahigwe yo kwumva ko nshobora kuririmba Indirimbo nkakosorwa na Fizzo. S’abaririmvyi benshi babifise. Canke Fizzo akaza akambwira ati aha hantu haririmbe nkuku, canke akanampa umurongo, akanambwira ati uwu murongo wushiremwo…. kudasohora indirimbo kutaboneka, ibintu vyose bibera umwanya wavyo, nimba nararirimvye birya nuko nize, nigiye muri Bantu Bwoy. N’ikintu nama nshima ko umwanya wanje wo muri Bantu Bwoy utapfuye ubusa.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550