Entertainmenthomepagekirundi

Drama T yoba  atakiri munzu y’ubuhinyanyuzi MA irongowe na Amir Pro?

Inyuma y’umwaka wose atanguye akazi ko kuririmba, Carolight niryo zina ry’indirimbo igiye gusohoka mu misi ya vuba isohowe n’umuririmvyi Drama T.

Drama T, umuririmvyi akiri mushasha asazwe ava mu ntara ya Muyinga yatanguye akazi k’umuziki mu mwaka wa 2018 akaba yatanguye ari umu Mc abitangura yigana abaririmvyi cane cane bakora umudiho wa Rap, munyuma azakwisanga nawe yatanguye gukora indirimbo aho kundirimbo nke amaze gukora zigenda zakirwa neza n’abakunzi b’umuziki.

Akaba agiye gusubira gushira ahabona iyindi ndirimbo, indirimbo izozanana n’amasanamu igasohoka kw’izina rya carolight akaba ari amavuta y’ukwiyambiza icatumye abatari bake bibaza uko iyo ndirimbo izoba imeze.

Ku makuru uwo muririmvyi yaganiriye Indundi Magazine ngo n’uko indirimbo izoba imeze neza nayo kubagifise ikibazo ku bijanye n’abariko bamufasha ubu ngo ntiharagera aho abivugaha.

Mwomenya ko agiye gusohora iyo ndirimbo inyuma y’izindi zitatu yari amaze gushira ahabona abifashijwemwo n’imwe munzu y’ubuhinyanyuzi MA irongowe na Amir pro ari nayo yarimufashe mu mugongo ico gihe, ariko ubu bikaboneka ko amenywa n’inzu y’ubuhinyanyuzi bw’amasana Grands Pictures ariyo  biboneka ko iriko iramufasha ubu uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769