BasketballBurundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Dynamo yaronse umumenyereza mushasha

Mu gihe imirwi ibandanya yikomeza mu kwitegurira ihiganwa rya basket mu gisagara ca Bujumbura tugiye gutangura kuri uyu wa gatandatu kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2020 .

Dynamo yo yamaze kwikomeza mukwongereza inkomezi mu gisata c’ubuhinga bakaba bahaye akazi Karabe Jeannou Merlin yahoze mu mirwi nka New stars , Kern na Gymkhana.

Aje muri Dynamo itagira Muco Jean Viator na Richard Bienvenu Ndikuriyo ariko bamwe mu bamuzi bakemeza ko ashobora gushikana kure hashoboka Dynamo umwe mu mirwi yatsinze cane akiri muri Gymkhana.

Hambavu ya coach Muyuku Victor yaje ava muri Muzinga, Jeannou abaye umumenyereza wa kabiri amenyereje Dynamo avuye ahandi kuko yakiniye Muzinga muri kahise kiwe.

Uyo mu menyereza aho yagiye araca yahatwaye igikombe kiretse muri Kern .
Muri Dynamo ahasanze abandi bamenyereza nka Aloys na Ndimurukundo Clovis batazira Buhanza.

Jeannou Karabe yavutse kw’igenekerezo rya 6 Nzero 1984 akaba yubatse.

Indundi Sports iramwifurije gutera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 551