East Africa NewsEducationhomepagekirundi

EAC : Abanyeshure bahamagirwa kwitabira ihiganwa rigiye kuba

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Gitugutu 2020, ubushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama bwuguruye icese uruganda rwo guhimiriza no guhanahana ivyiyumviro ku kamaro k’ikibanza ihiganwa mu nyandiko rikorwa n’abanyeshure bo mu gice ca mbere c’amashure nshingiro ya Reta n’ayo abikorera ivyabo rifise mu kwiyunga mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mw’ijambo ry’ukwugurura icese urwo ruganda, Hakizimana Godefride, ajejwe imigabo n’imigambi mu bushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama, yamenyesheje ko urwo ruganda rufise intumbero zine nyamukuru arizo :

  1. Kumenyesha abitavye uruganda ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
  2. Guhimiriza abitavye uruganda kuvyerekeye itunganywa n’ikorwa ry’ihiganwa mu nyandiko
  3. Guhamagarira abitavye uruganda kugira gwabo iryo higanwa,
  4. Guhanahana ivyiyumviro ku ntererano umwumwe wese yitavye urwo ruganda yogira kugira ngo iryo higanwa mu nyandiko ryitabwe n’abanyeshure benshi bashoboka ku rwego rw’igihugu.

Hakizimana Godefride amenyesha kandi ko ivyo bikorwa ari akaryo keza ko gutahura, gutegera hamwe no gutanga intererano ku bijanye n’ihiganwa mu nyandiko ritunganywa uko umwaka utashe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, gutyo abanyeshure bacu bagashobora kubandanya batera iteka igihugu cacu mu kuronka ibibanza vya mbere muri iryo higanwa.

Naho ururimi rukunze gukoreshwa mu bikorwa bitandukanye vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ari icongereza, Godefride amenyesha ko iryo higanwa rikorwa mu ndimi zitatu arizo: Igiswahili, Igifaransa hamwe n’Icongereza. Ubwo rero umunyeshure ngo araheza agahitamwo ururimi rumworohera gukoresha muri izo zitatu, maze abahinga batandukanye haba mu gihugu canke ku rwego rw’akarere bagahurira hamwe bagakosora, hisunzwe amategeko aba yumvikanyweko.

Abanyeshure rero baba baronse amanota meza mu gihugu baraheza bakaronswa ubushimwe butandukanye eka ndetse n’amashure baba bavuyeko araronswa ubushimwe buheza bugafasha mu gukomeza canke kworohereza ibikorwa vya misi yose bijanye no gutanga ubumenyi ku banyeshure.

Hakizimana Godefride yarangije atera akamo abajejwe indero mu mashure nshingiro yaba aya Reta canke ay’abigenga, guhimiriza abanyeshure barabwa n’iryo higanwa kugira ngo bijukire kuryitabira ari benshi, kanatsinda rirafise ico ryungura mu bumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755