East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Ebitoke yavuze ko umusore yita umugabo kuko amukwiriza ibisabwa

Umusore arikumwe mu rukundo na Ebitoke muri kino gihe ngo n’umusore yuzuye atandukanye n’abandi, kandi ngo amukorera ibintu vyose Ku buryo amwita umugabo wiwe naho batararushinga.

Ebitoke ngo ashobora gukina ivyo yohabwa vyose mw’ireresi, ivyo n’ibishikirizwa nawe nyene ubwiwe aho yaganira na SMS. Aho hari mu gihe yarahejeje kuraba ireresi rya Cops Enemy aho ryashirwa ahabona muri Tanzania, ahitwa Mlimani City.

Muri ico kiganiro bagarutse Ku mukunzi wiwe mushasha, aho yavuze ko naho ataramushira mu nzu ngo akunda kumuhamagara umugabo wiwe.

Abajijwe igituma yavuze ko abikunda kubera ko amukorera ibintu vyose umugabo yomukorera,kandi nawe bikamuryohera, ngo Nico gituma akunda kumuhamagara uko.

Yabajijwe nimba yarababaye umukunzi wiwe wa kera Ben Pol agize ubugeni, yishura ko atavyibuka kuko yamaze kuvyibagira. Akabivuga yisunze ko ngo uwo afise ubu ari umuhungu yuzuye, ngo amufumbatiye yumva ashimye. Akavuga ko bitandukanye n’ivya bwa buhungu butobuto.

Nayo uwo musore atera amashurwe ngo n’umu Star, ariko ngo ntiyashimye ko bamumenya ubu. Igihe nicagera ngo azomwerekana abantu bamumenye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769